
vendredi 10 juin 2016
"BAJOU" by Furious MUGANI

1. Kera nkiri iwacu
warampaya ukampayagiza,
nanje agati mu ryinyo, nti nuyo.
Nibutse kera ukinkiza,
kukwita mon cheri, mon amour
ukinyita arc-en-ciel, ningene ubu undiriye munzu, verema amasozi aricunda
Mukobwa ndagowe.
2. Ehe abana dufise batanu, usigaye ubantana munzu,
ugataha rimwe mumezi abiri,
kandi ushitse nkarara kumahiri
untuka ngo nsa numwavu
rukundo undiye ataco umpoye
Har'ikintu wibagiye
[ Ehe ubu ndi nyina w'abana,
sinkiri yankumi yishinga ama parfum, ... naza optimum, na Soudaniya, kandi ivyo nawe urabizi]
Ntugire ngo ni kera nkiri inkumi, ngifise umwanya w'igisokozo n'icirore, n'akabuye ko kwica amaga. Lime na vernis inzara zigashaza,
nkiri à la mode, nkifise ama sigise,
ukimpaya ngo ndi ishaka rishuditse ibikorwa, rikamurwa amahoro.
Ngo ni jewe rumuri rw'ubuzima bwawe,
ngo ndi imfura y'abavyeyi
None ubu urantaye, urigumuye ukurikiye inkumi.
Mbega aho izoburira umwanya nkanje, kubera ibikorwa n'uruvyaro, uzohita urondere iyindi canke bizogenda gute?
Reka kwitesha agaciro, reka Kai minimiza
Heb'ugaruke abana tubahe akarorero keza, tubahe indero ndundi, indero runtu.
Mukobwa ndagowe
Ya tend-resse??
Yama p-romesses??
Naza "je t'aime" vyagiye he?
vyaciye he?
Repeat
Wabishize he?
Wabitaye he?
Vyagiye he?
Vyaciye?
" MBAZE IGITI MBAZE INYONI " by CIZA Sylvestre
1.Ngira ngo mbaze igiti mbaze inyoni,
mbaze kuwo nasize akiriho,
nasize mvuze ko nzogaruka,
nje nzanye ico nahabiye.
R) Sangwe Rukundo,
uwo nabuze ntanse eeh
Nzokubona ryari,
Nyaruka nkurabe
2. Nanditse amabaruwa ashika ijana,
yo kukubaza ko wisohora,
nategereje inyishu ndayibura,
nibaza ko woba utakiriho.
Mbwira se ncuti, kwivyo nandika
utabibona,
mpfume nta icanjanye
ngo ngaruke nze ndabe uko umeze.
Repeat 1 & 2
3. Narose mbona umpamagara,
nshikuka nza kugusanganira,
nyanja idutandukanya ni nini,
ariko agatima karacariho
R )
Added by 257 lyrics
KAYENGAYENGE BY MATATA Jean-Christophe
1.Yewe mama warasuruye,
Nagira ngende kumuraba
Yewe mama warasuruye,
nagira ngende kumuraba
Ngo Kayengayenge
Eeeeh...
Ngo Kayengayenge
Oooh...
[Hange we mutoto,
pisha ile miziki yake sasa]
Ngo Kayengayenge
Ngo Kayengayenge
ngo yewe mama warasuruye,
Nagira ngende kumuraba
Yewe mama warasuruye,
Nagira ngende kumuraba
1. Ngo kayengayenge kwisoko, kayengayenge kwisoko,
naho kwisuka ntumbarire
Nagira ngende kumuraba
naho kwisuka ntumbarire
Nagira ngende kumuraba
2. Kayengayenge kumugore,
Nagize ngo nyereka aho warimye, anyereka amenyo munani, ndasimba ndayatamwo umugere,
yororo yororo urambabaje
Nagira ngende kumuraba
yororo yororo urambabaje
Nagira ngende kumuraba.
2. Kayengayenge kumugabo
Kayengayenge kumugabo
yataye umwana muri dimu
yewe baba warasuruye
yewe baba warasuruye
Kayengayenge(×4)
Yewe matata warasuruye.
yewe baba warasuruye
kayengayenge kwisoko, kayengayenge kwisoko,
naho kwisuka ntumbarire
Nagira ngende kumuraba
naho kwisuka ntumbarire
Nagira ngende kumuraba
4. Mwa bakirisu muri mu misa
Mwa bakirisu muri mu misa
fata imisaraba n'amashapure musabire Sabina agume munzu.
Nagira ngende kumuraba
musabire Sabina agume munzu.
Nagira ngende kumuraba
Kayengayenge (×2)
Ceza..
Weka..
Mupe..
Rimwe : Hein
Kabiri: Hein-Hein
Gatatu: Hein-Hein Hein
umva ngo Kane: Hein-Hein Hein-Hein
5. Nkund'umugore aryosha inzoga
Nkund'umugore aryosha inzoga
Yumva abakiriya baramukije
Yumva abakiriya baramukije
Karibu karibu mwabashitsi nayo ibirahuri yunyuguje
nayo ibirahuri yunyuguje
Ngo Kayengayenge
Ngo Kayengayenge
ngo yewe mama warasuruye,
Nagira ngende kumuraba
Yewe mama warasuruye,
Nagira ngende kumuraba
6. Nanka umugore abisha inzoga,
Nanka umugore abisha inzoga,
yumva abakiriya baramukije
ahita mu rutara kwinyegeza,
fashe ikimuri bamumurike, ngo muntu uriko urambaga , ndi n'igisigo kizira urumuri.
ndi n'igisigo kizira urumuri.
Bari baramumbariye
Nagira ngende kumuraba
Kayengayenge(×5)
Nagira ngende kumuraba
Added by 257 lyrics
" NAMAKI MUKOBWA " BY CANJO AMISI
1. Mbega mukobwa ko ugenda
vyanka,
niki ga mwana wa mama?
Ko mbona amaso yabaye umunani,
niki ga mwana wa mama?
Ko wicurikira nk'umwana w'impfuvyi
atagira iyo aja?
amasozi yawe yirirwa aratemba
nk'amazi ya mubarazi.
Ngo kera washogomanga nk'abandi,
ngo kera wahora usimb'indero
nk'abandi,
mbwira mukobwa icababaje
umutima wawe,
waziz'iki mukobwa
mbwira se mwana wa mama
2. Kera wari intore ishimwa na bose,
eka wari inyange mukobwa,
ibihinda vyose vyahindira iyo uri,
eka wari indanga mu bandi,
none raba usigaye uri gati kuma
kakisenya.
Wirirwana irungu, ukararana intuntu,
ukazindukana agahinda.
Ngo kera wahora ugendera mu kirere,
amaso yose ahindukira kukuraba.
Mbwira mukobwa icahinduye
ubuzima bwawe
Waziz'iki mukobwa?
mbwira se mwana wa mama
3. Uribuka kera nkiza kukuraba
ingene wandaba minenegwe,
ukamenga abandi sindumuntu
nk'abandi,
kandi nari naragukunze,
none nanje ndakuraba ngatwenga
nkakwibuka kera, ahari urukundo
hasigaye ikigongwe cuwo nari
narakunze.
Ihorere mukobwa ivy'isi niko
bigenda,
amashurwe aruma akabisa ayandi,
uramenya mukobwa ubuto
burahenda cane,
uramenya mukobwa ubuto
burahenda cane.
Added by 257 Lyrics