vendredi 10 juin 2016

" NAMAKI MUKOBWA " BY CANJO AMISI

1. Mbega mukobwa ko ugenda

vyanka,

niki ga mwana wa mama?

Ko mbona amaso yabaye umunani,

niki ga mwana wa mama?

Ko wicurikira nk'umwana w'impfuvyi

atagira iyo aja?

amasozi yawe yirirwa aratemba

nk'amazi ya mubarazi.


Ngo kera washogomanga nk'abandi,

ngo kera wahora usimb'indero

nk'abandi,

mbwira mukobwa icababaje

umutima wawe,

waziz'iki mukobwa
 

mbwira se mwana wa mama


2. Kera wari intore ishimwa na bose,

eka wari inyange mukobwa,

ibihinda vyose vyahindira iyo uri,

eka wari indanga mu bandi,

none raba usigaye uri gati kuma

kakisenya.

Wirirwana irungu, ukararana intuntu,

ukazindukana agahinda.



Ngo kera wahora ugendera mu kirere,

amaso yose ahindukira kukuraba.

Mbwira mukobwa icahinduye

ubuzima bwawe

Waziz'iki mukobwa?

mbwira se mwana wa mama





3. Uribuka kera nkiza kukuraba

ingene wandaba minenegwe,

ukamenga abandi sindumuntu

nk'abandi,

kandi nari naragukunze,

none nanje ndakuraba ngatwenga

nkakwibuka kera, ahari urukundo

hasigaye ikigongwe cuwo nari

narakunze.




Ihorere mukobwa ivy'isi niko

bigenda,

amashurwe aruma akabisa ayandi,

uramenya mukobwa ubuto

burahenda cane,

uramenya mukobwa ubuto

burahenda cane.




Added by 257 Lyrics

1 commentaire:

  1. yoooo,Sinzi ukuntu noshimira umuntu yashizeko iyi Lyrics?! Si tu savais comment j'ai cherché cette lyrics! Vraiment merci..Mais hari ikintu kimwe nshaka kugusaba?! pouvez vous mettre le parole de "BAHAGA - Ibiti vy'amufe" SVP merci d'avance! urashirako izindi sha!

    RépondreSupprimer