1. Mbega mukobwa ko ugenda
vyanka,
niki ga mwana wa mama?
Ko mbona amaso yabaye umunani,
niki ga mwana wa mama?
Ko wicurikira nk'umwana w'impfuvyi
atagira iyo aja?
amasozi yawe yirirwa aratemba
nk'amazi ya mubarazi.
Ngo kera washogomanga nk'abandi,
ngo kera wahora usimb'indero
nk'abandi,
mbwira mukobwa icababaje
umutima wawe,
waziz'iki mukobwa
mbwira se mwana wa mama
2. Kera wari intore ishimwa na bose,
eka wari inyange mukobwa,
ibihinda vyose vyahindira iyo uri,
eka wari indanga mu bandi,
none raba usigaye uri gati kuma
kakisenya.
Wirirwana irungu, ukararana intuntu,
ukazindukana agahinda.
Ngo kera wahora ugendera mu kirere,
amaso yose ahindukira kukuraba.
Mbwira mukobwa icahinduye
ubuzima bwawe
Waziz'iki mukobwa?
mbwira se mwana wa mama
3. Uribuka kera nkiza kukuraba
ingene wandaba minenegwe,
ukamenga abandi sindumuntu
nk'abandi,
kandi nari naragukunze,
none nanje ndakuraba ngatwenga
nkakwibuka kera, ahari urukundo
hasigaye ikigongwe cuwo nari
narakunze.
Ihorere mukobwa ivy'isi niko
bigenda,
amashurwe aruma akabisa ayandi,
uramenya mukobwa ubuto
burahenda cane,
uramenya mukobwa ubuto
burahenda cane.
Added by 257 Lyrics
yoooo,Sinzi ukuntu noshimira umuntu yashizeko iyi Lyrics?! Si tu savais comment j'ai cherché cette lyrics! Vraiment merci..Mais hari ikintu kimwe nshaka kugusaba?! pouvez vous mettre le parole de "BAHAGA - Ibiti vy'amufe" SVP merci d'avance! urashirako izindi sha!
RépondreSupprimer