vendredi 10 juin 2016

"BAJOU" by Furious MUGANI


1. Muntu ugana hariya iwacu 
wombabarira nkakwitumira 
kuwo nakunze, kuwo napfiriye 
umwana yantwaye umutima. 
Mushire kano karirimbo, 
niyakumviriza kazomuhoza,.
Ndazi yuko ankumbuye 
ndazi yuko atuntuye 
uti nanje iyondi ndacura intimba, 
nkatera mugahogo mvuga nti

 R) Hora bajou, 
ceceka bajou 
ihorere bajou nzoza. 
Hora bajou, 
inumire bajou, 
ihorere bajou nzoza.. 
nzoza, nzoza, 
ihorere mwana wanyoye inka.(x2)

2. Amahanga niho umwana arira nyina ntiyumve. 
Je ndakwumva kuko uri mumaraso 
no kumutima, my baby, 
umeze nka tatouage kumubiri wanje, 
ndayikabakabako maze nkakubona, 
nkakwumva bikanyibutsa umusi wambere dusomana 
 Ndazi yuko unkumbuye
ndazi yuko utuntuye
uti nanje iyondi ndacura intimba,
nkatera mugahogo nti

 R) Hora bajou, 
ceceka bajou 
ihorere bajou nzoza. 
Hora bajou, 
inumire bajou, 
ihorere bajou nzoza.. 
nzoza, nzoza, 
ihorere mwana wanyoye inka.(x2)


Aucun commentaire:

Enregistrer un commentaire