
1. Muntu ugana hariya iwacu
wombabarira nkakwitumira
kuwo nakunze, kuwo napfiriye
umwana yantwaye umutima.
Mushire kano karirimbo,
niyakumviriza kazomuhoza,.
Ndazi yuko ankumbuye
ndazi yuko atuntuye
uti nanje iyondi ndacura intimba,
R) Hora bajou,
ceceka bajou
ihorere bajou nzoza.
Hora bajou,
inumire bajou,
ihorere bajou nzoza..
nzoza, nzoza,
ihorere mwana wanyoye inka.(x2)
2. Amahanga niho umwana arira nyina ntiyumve.
Je ndakwumva kuko uri mumaraso
no kumutima, my baby,
umeze nka tatouage kumubiri wanje,
ndayikabakabako maze nkakubona,
nkakwumva bikanyibutsa umusi wambere dusomana
Ndazi yuko unkumbuye
ndazi yuko utuntuye
uti nanje iyondi ndacura intimba,
nkatera mugahogo nti
R) Hora bajou,
ceceka bajou
ihorere bajou nzoza.
Hora bajou,
inumire bajou,
ihorere bajou nzoza..
nzoza, nzoza,
ihorere mwana wanyoye inka.(x2)
Aucun commentaire:
Enregistrer un commentaire